top of page
Writer's pictureIrakoze

Burundo-végétarienne


None ndakubaze, zirakurwaza? Vyagufashe gute ngo uzihagarike? Sha wabaye umuzungu noneho, canke ushaka guta ibiro kandi? Ivyo ni ibibabazo namaze hafi imyaka itatu nishura kuko nafashe ingingo yo guhagarika gufungura inyama. Vyanyibukije ibintu bimwe bimwe dusanzwe duha agaciro iwacu.


Duhere ku manza nk’akarorero. Cane cane imanza z’impfu. Zihuza abantu n’imiryango kandi majambo aziherekeza arubahwa. Tukiri ku majambo nyene, kugira ijunja n’ijambo mu bandi hari abatari bake birutira amatungo. Hari abandi nabo babona umuryango nk’itunga rikomeye. Ugasanga n’uwo bahuye babanza kumusomamwo iyo ava. Ntitworeka kuvuga urukanywa. Turarukunda tukanakunda abatereka. Na kare utunyegeri tuganirira kw’igufa. Ariko rero iyo umuntu atihereza akaboga ntiduheza ngo tumenye ivyo ari vyo.


Ng’ibi ibintu bitatu nagize nka défis igihe nahitamwo kuba umu végétarienne*. Namwe ndabatumirira kwiha défi uno munsi.


1. Mu vy’umubiri : Kugira urutonde


Biravugwa ko bifata iminsi 21 kugira umuntu atangure canke ahebe ingeso. Ivyo biharuro sinovyemeza ariko iminsi namaze ndi umu végétarienne vyaranyigishije ko umubiri umenyera ico uwuhaye canke ico uwimye. Ivyo biraheza bikagira ingaruka ku mibereho ya misi yose. Abanzi kuva kera barazi ko ntari mu birengagiza akaboga bakabonye. Ndibuka ko, amezi atanu imbere y’igihe mpagarika kurya inyama, nari narabigerageje. Namaze indwi zibiri gusa bica birananira kuko nashatse kubihebera rimwe.


Ariko mu nyuma nahavuye niga ko umubiri wacu ari nk’uruyoya ruriko rurakura. Ntushoka ubona ko umwana yakuze. Atera intambwe ku musi ku musi bivanye n’uko umureze. Atangurira ku mata hanyuma ukamuha umusururu, maze agakura agafungura imfungurwa zigumye. Muguhindura uko mfungura, natanguye guhagarika gusuma akaboga. Ariko bishitse bakantumira canke nkasohoka naraheza nkagafata. Ivyo na vyo vyashika gake. Harageze n’igihe aho ngiye baba babizi ko ntaziraba.


Défi ya 1: Hari ikintu woba umaze imisi ushaka guheba canke gutangura gukora? Jewe ndafise ibitari bike (nko kuryama no gufungura ku masaha, kutavyukira kuri ngendanwa yanje no gusenga iyo mvyutse ).


2. Mu vy’ikibano : Nimba wipfuza kunyaruka, urijana. Nimba wipfuza gushika kure, reka dusangire urugendo


Kimwe mu bintu nari narakiriye n’uko kenshi ngeze ahantu nkahasanga imfugurwa n’abantu, harahera nk’iminota 30 ikiyago cerekeje kuri jewe. Mu vy’ukuri mu minsi ya mbere ntivyanyorohera. Ariko mu nyuma narabonye ko hagaruka vya bibazo nyene ndaheza ndabimenyera. Nari nsigaye ndabitanga nkabaza ico bavyiyumvirako, nkabaza nimba bogerageza kuzihagarika nabo.


Hari igihe vyavamwo ibiganiro biryoshe n’igihe vyavamwo impari zatuma bihera ukuntu (nk’uwo tuvukana ntarinze kuvuga izina twigeze gusohoka ahantu. Twinjiye inkuru ari zose, gushika hageze gutumako ico dufata. Je tiens à souligner ko yari azi neza ko ata nyama mfungura ariko ukuntu vyaheze turiko tuvuga ku ma spéculations n’ama agénda politiques ajanye na rôle de l’homme sur la pollution et les changements climatiques sinobisigura. Ariko ndazi ko vyose yabivugana urukundo).


Gukora ikintu kitamenyerewe na benshi vyaranyigishije ko abantu utabajaniranya. Ahubwo urabasigurira. Kenshi barambaza ibibazo vyatuma ngira ama recherches. Vyaratumye niyumvira igituma nkora ivyo nkora. Vyaranyigishije kugira ama choix adahagaze ku bishobisho ariko ahagaze kuri conviction y’ivyo nzi nk’ukuri. Hejuru y’ivyo, naramenye abandi dufatanije urugendo, harimwo n’abarundi. Vyarantangaje.


Ndibuka igihe kimwe nari kuri Instagram ngwa kuri profil ya coach Olivier Masabarakiza asanzwe afasha abandi gushika aho bashaka kugera mu bijanye n’amagara yabo. Kwumva ko ntari jenyene vyaramfashije. Sinokwibagira incuti zagerageje kwifatanya nanje muri urwo rugendo. Hari ababikoze iminsi mike abandi babikora amezi. Hariho n’ababandanije, ndabemera. (S/o to Dariel)


Défi ya 2 : Turondere abantu dusangiye ama intérêts canke bari aho dushaka kugera kugira turonke abatwongera inguvu n’igihe tuba dushaka kubivamwo.


Défi ya 3: Twibaze twongere tubazanye igituma dukora ivyo dukora canke twizera ivyo twizera. Igituma dukora bimwe ibindi tukabireka. Tuyage.


3. Mu vy’impwemu : Kwiga Ijambo ry’Imana utaricamwo ibice

Iyo usenga mu nyuma ugafata ama décisions ari catégoriques biroroshe ko abantu bavyegeka ku kwizera kwawe. Iyo bambajije igituma nabaye umu végétarienne,hari abibaza ko nabikoze pour des raisons de santé, éthiques ou religieuses. Harageze igihe ndarondera ico ijambo ry’Imana ribivugako. Nari nararonse ama versets yo guhera mw’itanguriro :« Et Dieu dit : Voici, je vous donne toute herbe portant de la semence et qui est à la surface de toute la terre, et tout arbre ayant en lui du fruit d'arbre et portant de la semence : ce sera votre nourriture » Genese 1 :29. Iyi verset yonyene yaratuma nereka abandi ko twaremewe gufungura ivyatsi ibikoko bitarimwo.


Hari n’iryo muri Daniel 1 :12, rivuga riti : « Eprouve tes serviteurs pendant dix jours, et qu'on nous donne des légumes à manger et de l'eau à boire ». 15« Mais au bout des dix jours leurs visages parurent en meilleur état, et ils avaient plus d'embonpoint que tous les jeunes enfants qui mangeaient la portion de la viande Royale ». Ivyo nabikoze nk’uko abakirisu b’ubu dukunze kubikora. Twama turondera ijambo ry’Imana risigura impavu y’ama choix yacu et non l’inverse. Iryo jambo ni ryo ahubwo ryabwirizwa kurongora ama choix yacu.


Vyaranyigishije gusoma ndinze kurondera contexte ijambo ryavugiwemwo hamwe n’abo ryandikiwe . Munyuma nkarondera icigwa nkuramwo. Kurya tudasoma ibitabo vyanditswe n’abanditsi rurangiranwa hama tugaheza tukabiha insiguro ridushirira aho dushaka ni ko dukwiye no kuvyirinda mu vyanditswe vyera.

Défi ya 4: Imbere yo gusoma igitabo kimwe mu vyanditswe vyeranda, ibaze. Ni nde yacanditse? Yacandikiye nde? Ryari? Kubera iki ?

N’ijwi ryuzuye urukundo,


Irakoze



Ps : Iki gisomwa(et ses retards) ndabituye ubwa mbere mes nouvelles collocs M et N. Quand personne n’écoute j’écris. Mieux, quand j’ai de belles conversations, je ris et vis (avec vous). Ne vous étonnez donc pas si certains jours je suis plus silencieuse que d’autres. J’écris.


 

* Régime alimentaire excluant toute chair animale (viande, poisson), mais qui admet en général la consommation d'aliments d'origine animale comme les œufs, le lait et les produits laitiers (fromage, yaourts).





Comments


bottom of page