top of page
Irakoze et Lily Ange Kaze

Umutăhe



Ukaba uríko usoma anó majāmbo ubá murí Amerika kăndi udáfisé idení nagōmba ufaté akănya wikêze. Nkó mu gihúgu cā Canada cônyené, ubushākashātsi bwărērekanye kó murí rusăngi, ingó zifisé idení rīnganá nā 1.78$ kw’ídorări ryöse binjíza. Kăndi kó ibicé 14,9% vy’úmushahara wâbo ujá mu kuriha amadení. Ayo madení ashobora kubá arí aya rēta nk’ây’íshŭre cânké aya bănki ku midúga, inzu cânké ngēndánwa aho ntíhagīyémwó amadení dufitíye incutí n’ábagēnzi.


Igisomwa c’uno munsi canditswe nk’ibaruwa nari kwipfuza gusoma imbere yo gushira imitahe yanje mu vyigwa.


Ukujândajānda kw’úkutámenyá


Irakoze we, ndakubona urahimbawe. Umaze iminsi urondera ishure irya n’ino, wibaza igisata wokwiga, ubaza n’abakwegereye. Hari abaguhanuye gusubira mu mashure yisumbuye ubamirira kure. Barakwibukije ko aho wari uvuye I Burundi wahejeje ukiri muto, kandi ko atawe muriko murasiganwa.


Nshima ko ufise imbonakazoza naho utaritora. Abaguhanura kwiga ivy’ubuforoma kuko arivyo utazigera uburamwo akazi ntibazi uko ibitaro wagiyemwo akatari gake ukiri muto vyatumye udahurumbira ivyo muri ico gisata. Kira noneho si ivyawe. Baraguhanuye kuja mu mashure y’imyuga. Ngo ni yo anazimbutse ariko wumva kwoba ari ukwihora ubusa. Aho hose ivy’ideni ry’ishure wavyumva nk’imigani.


Zirahīnduye imirisho


Urugamba ruratanguye. Impinga ni ndende ariko impamba urayifise. Ndazi ntakekeranya ko ushirutse umwete. Urazi gukura amaboko mu mpuzu, kugirwa inama, kurara amajoro, kuvyuka ziriko zirabika no kugumizako. Ariko hejuru ya vyose, urazi ikikujanye: kwiga. Ugiye aho bita mu mahanga, hazokubana agahinga ka nyaga na nde? Na cane cane ko uzoba uriko uriga ururimi.


Tukiri kuvy’ururimi, nashaka nkubwire ko aho abandi bazotambuka rimwe, wewe uzohagira intambwe zibiri. Aho abandi bazoba bariko batahura icigwa, wewe uzoba ukiriko uratahura ururimi utakuze uvuga. Aho abandi bazosoma rimwe bakaboroka, wewe uzobanza kurondera insiguro y’amajambo agoye. Ariko ntaco, uko niko biga; umuhini mushasha utera amabavu.


Ubunyakamwé mw’isînzí


Hambavu y’ivyo uracari muto. Nk’abandi bose uzokenera guhimbarwa no kugira abagenzi kw’ishure no hanze yaho. Igisata uzokwiga, mu myaka ya mbere muzoba muri benshi cane. Uwo mwicaranye uno munsi si we muzokwicarana ejo. Uzosanga atabo musa benshi ku rukoba abo musa na bo ntimuhuzwe na vyinshi. Aho abandi babonana ishure riheze wewe uzoba uriko uritegura kuja gukora.


Ikindi, uzoshaka kugumana umuco wogusenga mu bantu uzosanga mudasangiye imyemerere. Bizogutera amadidane wumve uri wenyene ariko uzobona Imana.


Ibi naho ndiko ndabivuga uku si ukugutera ubwoba. Ndabizi uzorwana, amashure uzoyaheza. Hari abazokwama bakubaza igituma utaboneka ngo wirigwa mu vyigwa, uzobihanganire. Hazogera igihe ucike intege. Ariko uze wibuke ko n’abandi babishoboye ivyo bizozigusubizamwo.


Mu vy’ukuri uzobibona ko naho bitama vyoroshe urwo rupapuro rw’umutsindo ruzogufasha. Koko ideni ntuzoshoka uririhira rimwe ariko vyose bizogusaba kwiga kwirinda gusesagura utwo duke ufise n’igihe uzoba ukiri mw’ishure. Ahasigaye niwige noneho urabikunda kandi wibuke ko ishure ariwo mutahe wawe.


Aríko uragumya umutíma ncutí,


Urarinda ururimi kwidoga, n’ivyiyumviro kwirigwa ugereranya ivy’iwanyu n’ivyo mur’iki gihugu. Uze ugume wibuka ko hatandukanye cane. Imico yaho na kahise si bimwe na mba. Uriga vyiza bikenewe ibisigaye wirenganire, wihorere. Ntuze wibagire ko ubuzima bwawe budasa n’ubw’abandi.


Inzira yo kwiga wahisemwo n’uko wita ku vyigwa si ivyo bose babayemwo. Ikindi naco uburyo ntimubunganya. Ntuze utangare batagutahuye canke bagutwenze ngo uziganya cane canke uriyima. Ni wewe uzoba uzi uko wayaciye bigoranye, n’ico agiye gukora. Ntuze ubateko umwikomo, akeza barakihebera. Amashure wayahisemwo nk’umutahe kandi uzokuzanira inyungu nini. Ni nko gutera ijana ukimbura igihumbi.


Ubumenyi ni ubutunzi butanyagwa. Uriga ivyo mw’ikaye n’ibigukikuje. Uraburahura hose. Ubumenyi bwawe buzofasha benshi. Ni inkono itarya umwe. Amashure ni uruganda ucuramwo imfunguruzo, zizokugururira imiryango myinshi utokubise n’amaso. Urama wibuka ko abatera babira akuya, barindira barira, babagara bizera bazokwimbura bavyina.


N’ijwi ryuzuye urukundo,


Lily Ange Kaze na Irakoze



Pic credit: Photo by Manhi

Kommentarer


bottom of page